• Ijambo ry'ikigiriki Laikos risigura "kutagira impano" Kahise karatwigisha kenshi ko ibintu bikomeye vyashitsweko n'abantu "batagira impano". Iga muri iki gitabo ca Dag Heward-Mills ikiba iyo hatari abo bantu badakora mw'ishengero. Gute wosangira umutwaro n'abalayike kandi kuki ukwiye kurwana kugira ukingire igikorwa c'abalayike.
  • Dag Heward-Mills is the author of many books, including the bestselling “Loyalty and Disloyalty”. He is the founder of the United Denominations originating from the Lighthouse Group of Churches which currently has three thousand churches. Dag Heward-Mills, an international evangelist, ministers in international Healing Jesus Campaigns and conferences all over the world. For more information, visit www.daghewardmills.org
  • Bibiriya iravuga kumaraso atandukanye: amarasi y'impene, amaraso y'intama, amaraso y'inuma! Bibiriya kandi iravuga neza ko iyo amaraso adasheshwe atakubabarirwa ivyaha. None birashoboka ko amwe muri aya maraso atandukanye yokura ivyaha? Inyishu ni Oya yinguvu! None Niki coshobora kutwoza ivyaha vyacu? Ntanakimwe, Atari amaraso ya Yesu Kristo! N'amaraso ya Yesu yonyene afise ububasha bwo kwoza ivyaha vyacu hama akatuzanira agakiza. Muri iki gitabo ngirakamaro, uzohasanga ukuri kudasanzwe kwerekeye amaraso ya Yesu Kristo. Uzosangamwo ukuntu amaraso ya Yesu atanga ubuzima n'ingene Amaraso ya Yesu yishoboza kugira akamaro ubwayo. Uzotahura ukunywana kuri hagati y'amaraso na Mpwemu Year. Hariho vyukuri ubushobozi mumaraso ya Yesu!
  • Iryanyuma iki gitabo C'abapasitori n'abagore b'abapasitori kiri hano! Iki gitabo ntikikwerekeye nimba utari umupasitori canke umugore w'umupasitori! Nimba ubereye gusoma iki gitabo, Imana Ikwigishe muri ikigitabo gituma wiyumvira. Muri ibi bigabane, ibikorwa binyegejwe bitandukanye abagore bakoze m'ubuzima bw' abapasitori birashirwa ahabona. Ese ibi bigabane vyoguhanura bikakurongorera ku nzira z'Imihezagiro!
  • N'ubwo ari co cambere gisabwa n'Imana ku barongozi, ni bike vyanditswe kuri iki cigwa. Muri iki gitabo, Dag Heward-Mills arerekana ibintu ngenderwako vy'akamaro vyerekeje ukwongerekana mu gushikama kw'amashengero. Ibiri muri iki gitabo ni ibishika cane kandi biboneka, canahindutse igikoresho kidasubirizwa c'abarongozi benshi b'amashengero.
  • Turazi ko Ugukura kw'urushengero ari ikintu kigoye cane gushikako. Aba Pasitori benshi bipfuza ko amashengero yabo yokura. Iki gitabo ni inyishu yawe ku kibazo cawe c'ugukura kw'urushengero. Uzotahura ukuntu "Ibintu vyinshi bitandukanye bikorera hamwe" kugira ushike ku gukura kw'urushengero. Pasitori nk'uko amajambo n'amavuta ya kino gitabo aronka inzira agashika mu mutima wawe, uzobona Ugukura kw'urushengero wahora usengera.
  • Nta numwe muri twebe afise imigambi yo kuja Mw'ijuru adakoze ivyo Imana ishaka ko dukora hano kw'Isi. Oya, nta numwe! Dushaka kwuzuza ibikorwa Imana yaduhaye. Iki gitabo cerekeye ukungene wokwuzuza igikorwa cawe. Iki gitabo ni ikiyobora k'ukungene twokwishura ibiba biva mw"ijuru m'ubuzima bwacu- kugira ntituzosangwe tutaraheza kuri uwo musi. Ese wokwuzuza igikorwa cawe, Ese Kandi Imana yokubwira "Wakoze neza, mushumba mwiza w'Umwizigirwa!
  • Mbe waruzi ubuzima bw'Umuntu kw'isi ko ari intambara? Turi mu ntambara tuhitamwo kuyibamwo canke tutabihitamwo. Bibiliya ivuga ko ubuzima bwawe ari intambara. Utegerezwa kugwana ingwano nziza ugatsinda intambara. Iki gitabo gishasha ni igitegerezwa gusomwa n'abarongozi bose.
  • Iri ryungane ry'ibwina "Umwe muri mwebwe ni Umubi' ryavuzwe na Yesu kristo abwira umugwi wiwe muto w'abigishwa cumi na babiri. Benshi muri twebwe turafatwa nabi na satani kuko tutazi ingene two mugaragaza canke tugashira ahabona ibikorwa vyiwe bigayitse. Muri iki gitabo gihezagiye, uzosangamwo ivyaha vy'umubi kandi uze uhitemwo kutigera ubigenderamwo. Ese iryungane "Umwe muri mwebwe ni Umubi" ritokwigera rikoreshwa kuri wewe!
  • Ihamagarwa mu gikorwa c'Imana ni Ihamagarwa ry'uburongozi. Hamwe n'ukwegera hafi cane kandi kworoshe, Dr. Heward-Mills arerekana ibintu ngenderwako vyamutumye aba umurongozi w'umukristo wo hejuru. Ukuri guhishurwa hano kuzohumekera benshi ku mwuga w'Uburongozi.
  • Iki gitabo kivuga vyinshi ku vyerekeye urufatiro n'ibiboneka mu migenderanire y'umuntu haba igihe c' imbere yuko agira ubugeni, agize ubugeni, n'inyuma y'ubugeni. Kirimwo ibintu vyarondewe kandi vyemejwe ku vyerekeye anatomi n'imigenderanire mpuza bitsina, n'ibijanye ni ivyara, ibijanye n'imbanyi n'igihe c'inyuma y'ivyara. Ubushobozi bw'Umuganga Dag Heward-Mills bwo gushira ubumenyi bugoye itahura,mu buryo busanzwe ni vyo bigize iki gitabo. Hamwe, ibi navyo bituma gitahurika cane, igikoreshwa cane mu vy'ubugeni uyu musi gisohorwa. David Asomani, umuganga yanononosoye ibijanye n'ivyara.
  • Ubutunzi bw'amavuta buri m'uwusizwe. Amavuta ntatandukanywa n'umuntu yasizwe. Amavuta ari m'umuntu w'Imana! amavuta arikumwe n'umuntu w'Imana! Amavuta ari k'umuntu w'Imana. Iki gitabo gishasha kandi kinezereye ca Dag Heward-Mills kizoryohera imitima y'abarondera amavuta.

Title

Go to Top