-
Abagarariji ntibibuka ikintu na kimwe bakorewe kandi kenshi bahitamwo kwibagira ibintu bimwe bimwe. Yuda ntiyibutse ivy' Umwami yamukoreye, ntiyibuka n'ivyo yiboneye kandi yiyumviye kuri Yesu. Nico gituma yacitse uw'imibereho mibi tuzi uyu munsi nka Yuda. Ubushobozi bwo Kwibuka ni kimwe mu bintu vya nkenerwa vyo mu Mpwemu umukozi w'Imana yoronka. Abantu batibuka nigake bibagendera neza. Ntibashobora gushika ku rugezo rumwe rwo hejuru. Iki gitabo ca nkenerwa kuri Iki cirwa kitamenyerewe ni ingabire y'Imana ikujeko.
-
Dag Heward-Mills ni umwanditsi w'ibitabo vyinshi, harimwo n'igitabo kigurwa cane ""Ubwizigirwa n'ubuhemu"". Ni uwatanguje umugwi w'amasengero yunze ubumwe yitirirwa Lighthouse naryo ubu rifise amashengero ibihumbi bitatu. Dag Heward-Mills, Umuvugabutumwa mpuzamakungu, Umukozi w'Imana mu bikorane mpuzamakungu vyo gukiza n'amana kw'isi yose. Ushaka kumenya vyinshi, ja kuri www.daghewardmills.org
-
N'ubwo ari co cambere gisabwa n'Imana ku barongozi, ni bike vyanditswe kuri iki cigwa. Muri iki gitabo, Dag Heward-Mills arerekana ibintu ngenderwako vy'akamaro vyerekeje ukwongerekana mu gushikama kw'amashengero. Ibiri muri iki gitabo ni ibishika cane kandi biboneka, canahindutse igikoresho kidasubirizwa c'abarongozi benshi b'amashengero.
-
Abapasitori bari mu ngorane zo kunezereza no kuryohera ishengero n'inkuru nziza. Iyi ngorane y'abantu yatumye haba uguhengama kw'amajambo ya Kristo kugeza aho ubu ubutumwa bw'umusaraba busigaye bugoye kwibuka. Uyu munsi turasubiye ku ntango y'ukuri y'ubukristo ko dutegerezwa "gutakaza" kugira "turonke" Kristo. Ububasha buzogaruka mw'ishengero nk'uko twigisha ko dutegerezwa kwitanga, Kubabara no gupfa kubwa Kristo. Ububasha bw'amajambo ya Kristo ntibushobora gukurwaho n'umuntu n'umwe uko yobatey'imbere kwose canke ahambaye.
-
Amavuta ni ikintu ca nkenerwa mu kwugurura umuryango w'igikorwa c'Imana cuzuye kandi kigenda neza. Benshi baragerageje gukora igikorwa c'Imana bafise impamvu nziza z'ukuri ariko ntibashitse kure kuko bananiwe kumenya ko "si kubw'inkomezi , si kubw'ububasha ariko nikubwa Mpwemu wanje (Amavuta)" [ZAKARIYA 4:6]. Iki gitabo c'isa "Cakira Amavuta" ca Bishop Dag Heward-Mills kirakwigisha ico bisigura gucakira Amavuta n'uko wobikora vy'ukuri! Reka icipfuzo c'amavuta y'Imana gifururwe muri wewe biciye mu mpapuro za kino gitabo!