-
“... Genda uje mu nzira zagutse no mu mihora, ubagobere baze, KUGIRA NGO INZU YANJE YUZURE. LUKA 14:23. Umutima w'Imana uririra kw'Isi ikizwa, kandi kw'inzu yayo -ishengero- ryuzura!" Ni iri hishurirwa ryavyaye iki gitabo, "Ishengero riri Mega" ca Bishop Dag Heward-Mills, umu Pasitori w'ishengero rimwe mu mashengero manini ari muri Ghana. Ishengero ryawe n'igikorwa cawe ntibizoguma uko vyahora umaze gusoma iki gitabo gikabura! "Dr Heward-Mills aranywanye n' Umwami Yesu Kristo n'igikorwa ciwe co kubwir'ubutumwa isi yose. Ni umurongozi akomeye cane kandi w'akarorero kubari mu gikorwa c'Imana bose, kandi twebwe hano muri "Church Growth International" turabashwe cane kumenya no guhamagara Dr. Dag Heward-Mills umugenzi n'uwo dukorana mu murima w'umwimbu munini cane w'isi." -Dr. David Yonggi Cho Uwutwara, Church Growth International
-
Iki gitabo nico kikuyobora ku gutahura neza agakiza muri Yesu Kristo. Muri Iki gitabo ciza, uzotahura ukuntu Yesu agukunda cane, ukuntu wovuka ubwa kabiri, ukuntu wokwirinda kuja mu muriro udahera n'ico bisigura kuba icaremwe gisha muri Yesu Kristo. Iki gitabo ugihe bose, bazotahura ico bisigura gukizwa n'amaraso ya Yesu Kristo.
-
Bibiriya iravuga kumaraso atandukanye: amarasi y'impene, amaraso y'intama, amaraso y'inuma! Bibiriya kandi iravuga neza ko iyo amaraso adasheshwe atakubabarirwa ivyaha. None birashoboka ko amwe muri aya maraso atandukanye yokura ivyaha? Inyishu ni Oya yinguvu! None Niki coshobora kutwoza ivyaha vyacu? Ntanakimwe, Atari amaraso ya Yesu Kristo! N'amaraso ya Yesu yonyene afise ububasha bwo kwoza ivyaha vyacu hama akatuzanira agakiza. Muri iki gitabo ngirakamaro, uzohasanga ukuri kudasanzwe kwerekeye amaraso ya Yesu Kristo. Uzosangamwo ukuntu amaraso ya Yesu atanga ubuzima n'ingene Amaraso ya Yesu yishoboza kugira akamaro ubwayo. Uzotahura ukunywana kuri hagati y'amaraso na Mpwemu Year. Hariho vyukuri ubushobozi mumaraso ya Yesu!
-
Kandi nimwahagarara musenga, nihaba hari ico mupfa n'uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw'ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu; ariko nimutãharira abandi, na So WO mw'ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu' (Mariko 11:25-26) Mbe iyi mirongo ibiri iragutuma ujugumira? Inyishu yawe iri hano. Muri iki gitabo gikenewe cane, uriga Guharira vyoroshe - kugira nawe uzunezerererwe guharirwa na Data. Iki gitabo kikubere umugenzi gushika ushoboye Guharira vyoroshe kandi vyukuri
-
Bibiliya iduhanura iti : "Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n'ivyo abandi" (ABO I FILIPI 2:4). Muri iki gitabo c'igihe, Dag Heward-Mills araguhambarira ngo urengere kwiyumvira ivyawe gusa ariko wiyumvire n'abandi nabo! Baho kubw'abandi nabo! Yesu yaje kudupfira kuko yiyumviriye "Abandi". Nshaka kuba cane nkawe. Nawe urashaka kuba nka Yesu?
-
Víme, jak obtížné je dosáhnout růstu církve. Všichni pastoři by si přáli, aby se jejich církve rozrostly. Tato kniha je odpovědí na to, jak zařídit, aby se vaše církev rozrostla. Díky ní porozumíte, že k růstu církve je zapotřebí mnoha různých věcí. Milí pastoři, až se slova a pomazání této knihy dostanou do vašeho srdce, zažijete růst církve, za který jste se tak modlili.
-
Warakiriye Yesu Kristo nk'Umwami wawe n'Umukiza wawe warakijijwe! Uri umu Kristo yavutse ubwa kabiri kandi izina ryawe ryanditse mu gitabo c'ubugingo. Ikibazo cawe ni : "Ni iyihe ntambuko ikurikira nofata?" Gucika umu Kristo ni intambuko nziza, ariko ni intango gusa. Ukwiye kandi gucika umu Kristo mwiza kandi akomeye. 'Ni gute rero nkor'ivyo?'- Muri iki gitabo ciza cane, uriga intambuko wofata kugira ube kandi ugume uri umu Kristo akomeye kandi yiteguye gupfa canke umuhero.
-
Ushobora kuba warumviseko ari ikintu gihambahe gukorera Imana; ariko ushobora kuba utashoboye kumenya neza ingene bihambaye gukorera Imana Umwami wacu. Muri kino gitabu nyene ca Dag Heward Mills uzotahura uwo umukozi w Imana ari we n'ingene wokorera Imana. Ko womenya vy 'ukuri itandukaniro riri hagati y 'abakorera Imana n'abatayikorera! Ko woshirwa mu mugwi w 'abakorera Imana!
-
Kenshi turategwa intege iyo twiyumviriye ko "Benshi bahamagawe". Tugaca ducika intege vuba cane iyo turimbuye ko "...Bake batoranijwe". Ushobora kuba muri benshi bahamagawe no muri bake batoranijwe hamwe iki gitabo wokigira igihande co mu buzima bwawe. Muri iki gitabo ciza cane canditswe na Dag Heward-Mills, uzobimenya uravye muri Bibiliya igituma wovuga ushize amanga ko wahamagawe. Uzomenya ibiranga "Abahamagawe" kandi uzotegwa intege zo gushima gushika ku mpera y'urugendo rw'ubukristo bwawe.
-
Zakládání církví je fenomén, který je mezi služebníky evangelia rozšířený. Byla to hlavní činnost raných učedníků. Úspěšné zakládání církví zahrnuje mnohé faktory a dovednosti. V této knize Dag Heward-Mills, zakladatel celosvětového charismatického hnutí, pod které spadají tři tisíce církví, analyzuje různé složky, které jsou důležité při zakládání církví. Tato kniha je příručkou pro každého služebníka, jehož služební i životní vizí je zakládat církve.