-
Bibiliya iduhanura iti : "Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n'ivyo abandi" (ABO I FILIPI 2:4). Muri iki gitabo c'igihe, Dag Heward-Mills araguhambarira ngo urengere kwiyumvira ivyawe gusa ariko wiyumvire n'abandi nabo! Baho kubw'abandi nabo! Yesu yaje kudupfira kuko yiyumviriye "Abandi". Nshaka kuba cane nkawe. Nawe urashaka kuba nka Yesu?
-
Kandi nimwahagarara musenga, nihaba hari ico mupfa n'uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw'ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu; ariko nimutãharira abandi, na So WO mw'ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu' (Mariko 11:25-26) Mbe iyi mirongo ibiri iragutuma ujugumira? Inyishu yawe iri hano. Muri iki gitabo gikenewe cane, uriga Guharira vyoroshe - kugira nawe uzunezerererwe guharirwa na Data. Iki gitabo kikubere umugenzi gushika ushoboye Guharira vyoroshe kandi vyukuri
-
Bibiriya iravuga kumaraso atandukanye: amarasi y'impene, amaraso y'intama, amaraso y'inuma! Bibiriya kandi iravuga neza ko iyo amaraso adasheshwe atakubabarirwa ivyaha. None birashoboka ko amwe muri aya maraso atandukanye yokura ivyaha? Inyishu ni Oya yinguvu! None Niki coshobora kutwoza ivyaha vyacu? Ntanakimwe, Atari amaraso ya Yesu Kristo! N'amaraso ya Yesu yonyene afise ububasha bwo kwoza ivyaha vyacu hama akatuzanira agakiza. Muri iki gitabo ngirakamaro, uzohasanga ukuri kudasanzwe kwerekeye amaraso ya Yesu Kristo. Uzosangamwo ukuntu amaraso ya Yesu atanga ubuzima n'ingene Amaraso ya Yesu yishoboza kugira akamaro ubwayo. Uzotahura ukunywana kuri hagati y'amaraso na Mpwemu Year. Hariho vyukuri ubushobozi mumaraso ya Yesu!
-
Iki gitabo nico kikuyobora ku gutahura neza agakiza muri Yesu Kristo. Muri Iki gitabo ciza, uzotahura ukuntu Yesu agukunda cane, ukuntu wovuka ubwa kabiri, ukuntu wokwirinda kuja mu muriro udahera n'ico bisigura kuba icaremwe gisha muri Yesu Kristo. Iki gitabo ugihe bose, bazotahura ico bisigura gukizwa n'amaraso ya Yesu Kristo.
-
“... Genda uje mu nzira zagutse no mu mihora, ubagobere baze, KUGIRA NGO INZU YANJE YUZURE. LUKA 14:23. Umutima w'Imana uririra kw'Isi ikizwa, kandi kw'inzu yayo -ishengero- ryuzura!" Ni iri hishurirwa ryavyaye iki gitabo, "Ishengero riri Mega" ca Bishop Dag Heward-Mills, umu Pasitori w'ishengero rimwe mu mashengero manini ari muri Ghana. Ishengero ryawe n'igikorwa cawe ntibizoguma uko vyahora umaze gusoma iki gitabo gikabura! "Dr Heward-Mills aranywanye n' Umwami Yesu Kristo n'igikorwa ciwe co kubwir'ubutumwa isi yose. Ni umurongozi akomeye cane kandi w'akarorero kubari mu gikorwa c'Imana bose, kandi twebwe hano muri "Church Growth International" turabashwe cane kumenya no guhamagara Dr. Dag Heward-Mills umugenzi n'uwo dukorana mu murima w'umwimbu munini cane w'isi." -Dr. David Yonggi Cho Uwutwara, Church Growth International
-
Amavuta ni ikintu ca nkenerwa mu kwugurura umuryango w'igikorwa c'Imana cuzuye kandi kigenda neza. Benshi baragerageje gukora igikorwa c'Imana bafise impamvu nziza z'ukuri ariko ntibashitse kure kuko bananiwe kumenya ko "si kubw'inkomezi , si kubw'ububasha ariko nikubwa Mpwemu wanje (Amavuta)" [ZAKARIYA 4:6]. Iki gitabo c'isa "Cakira Amavuta" ca Bishop Dag Heward-Mills kirakwigisha ico bisigura gucakira Amavuta n'uko wobikora vy'ukuri! Reka icipfuzo c'amavuta y'Imana gifururwe muri wewe biciye mu mpapuro za kino gitabo!
-
Abapasitori bari mu ngorane zo kunezereza no kuryohera ishengero n'inkuru nziza. Iyi ngorane y'abantu yatumye haba uguhengama kw'amajambo ya Kristo kugeza aho ubu ubutumwa bw'umusaraba busigaye bugoye kwibuka. Uyu munsi turasubiye ku ntango y'ukuri y'ubukristo ko dutegerezwa "gutakaza" kugira "turonke" Kristo. Ububasha buzogaruka mw'ishengero nk'uko twigisha ko dutegerezwa kwitanga, Kubabara no gupfa kubwa Kristo. Ububasha bw'amajambo ya Kristo ntibushobora gukurwaho n'umuntu n'umwe uko yobatey'imbere kwose canke ahambaye.
-
N'ubwo ari co cambere gisabwa n'Imana ku barongozi, ni bike vyanditswe kuri iki cigwa. Muri iki gitabo, Dag Heward-Mills arerekana ibintu ngenderwako vy'akamaro vyerekeje ukwongerekana mu gushikama kw'amashengero. Ibiri muri iki gitabo ni ibishika cane kandi biboneka, canahindutse igikoresho kidasubirizwa c'abarongozi benshi b'amashengero.
-
Dag Heward-Mills ni umwanditsi w'ibitabo vyinshi, harimwo n'igitabo kigurwa cane ""Ubwizigirwa n'ubuhemu"". Ni uwatanguje umugwi w'amasengero yunze ubumwe yitirirwa Lighthouse naryo ubu rifise amashengero ibihumbi bitatu. Dag Heward-Mills, Umuvugabutumwa mpuzamakungu, Umukozi w'Imana mu bikorane mpuzamakungu vyo gukiza n'amana kw'isi yose. Ushaka kumenya vyinshi, ja kuri www.daghewardmills.org