-
Abagarariji ntibibuka ikintu na kimwe bakorewe kandi kenshi bahitamwo kwibagira ibintu bimwe bimwe. Yuda ntiyibutse ivy' Umwami yamukoreye, ntiyibuka n'ivyo yiboneye kandi yiyumviye kuri Yesu. Nico gituma yacitse uw'imibereho mibi tuzi uyu munsi nka Yuda. Ubushobozi bwo Kwibuka ni kimwe mu bintu vya nkenerwa vyo mu Mpwemu umukozi w'Imana yoronka. Abantu batibuka nigake bibagendera neza. Ntibashobora gushika ku rugezo rumwe rwo hejuru. Iki gitabo ca nkenerwa kuri Iki cirwa kitamenyerewe ni ingabire y'Imana ikujeko.
-
Turazi ko Ugukura kw'urushengero ari ikintu kigoye cane gushikako. Aba Pasitori benshi bipfuza ko amashengero yabo yokura. Iki gitabo ni inyishu yawe ku kibazo cawe c'ugukura kw'urushengero. Uzotahura ukuntu "Ibintu vyinshi bitandukanye bikorera hamwe" kugira ushike ku gukura kw'urushengero. Pasitori nk'uko amajambo n'amavuta ya kino gitabo aronka inzira agashika mu mutima wawe, uzobona Ugukura kw'urushengero wahora usengera.
-
Uguteragira amashengero ni igikorwa gikwiragiye mu bakozi b'Imana b'ubutumwa bwiza. Cari igikorwa nyamukuru c'intumwa za mbere. Uguteragira Ishengero kwiza gusaba impano kandi kwakira impande zitandukanye. Dag Heward-Mills uwatanguje Ishengero riri kw'isi yose rifise amashengero arenga ibihumbi bitatu, aratuyobora mu kwihweza neza izo mpande zitandukanye zo guteragira Ishengero muri iki gitabo. Iki cokoreshwa mu kwigisha abandi ku Mukozi w'Imana wese ashaka ko guteragira Ishengero biba iyerekwa ryiwe mu buzima no mu gikorwa c'Imana.
-
Yesu Kristo arahishura itegeko ritangaje ritwara uguter'imbere no gutunga. Uwufise azoronka vyinshi! Bisa n'ivy'akarenganyo! Ariko ni ukuri gukoreka imbere yacu iminsi yose. Iki gitabo kirondera gusigura uyu murongo wa bibiliya utahuritse. Uzokwakira ubumenyi bukomeye bw'ubutunzi mu bikorwa vy'Imana nk'uko wiga Iki gitabo gishasha ca Dag Heward-Mills.
-
Dag Heward-Mills is the author of many books, including the bestselling “Loyalty and Disloyalty”. He is the founder of the United Denominations originating from the Lighthouse Group of Churches which currently has three thousand churches. Dag Heward-Mills, an international evangelist, ministers in international Healing Jesus Campaigns and conferences all over the world. For more information, visit www.daghewardmills.org