Dag Heward Mills ni umwanditsi w’ibitabu vyinshi, ushizemwo Igikundwa cane “.UBUHEMU N’UBWIZIGIRWA “Ni uwatanguje Urunani rw ‘amashengero yaje ava mu mugwi w’amashengero yavuye kw’ishengero LIGHTHOUSE ubu rifise amashengero arenga Ibihumbi Bitatu. Dag Heward Mills, ni Umuvugabutumwa mpuzamakungu, kandi avuga ubutumwa mu Gikorane Mpuzamakungu Yesu arakiza n’amahuriro y ‘abapasitori n ‘abarongozi mu mashengero kw ‘isi yose. Ufise ico ubaza, raba kuri :www. daghewardmills. org.
-
Abantu baguta bashobora kukwononera. Ntanakimwe cosigura umubabaro wumva, ukuzazanirwa n'ukwiganyira ugira iyo abantu bagutaye bakigira. Iki gitabo cdnditswe kugira kigufashe kugwanya ukwononekara kwoza iy'abantu bagutaye. Ntiwihende, gutabwa canke guhebwa si ivyashikiye wewe gusa canke igikorwa cawe gusa. Har'abandi Benshi vyashikiye. Satani niwe yabaye umuroberi w'umugarariji wa mbere kandi kuv'ico gihe yaciye atangura guhumekera muri benshi uburoberi bw'ubugarariji. Ufise iki gitabo mu minwe yawe, uzohaguruka ugwanye impwemu y'ubuhemu izanwa n'"abaguta".
-
Bibiliya iduhanura iti : "Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n'ivyo abandi" (ABO I FILIPI 2:4). Muri iki gitabo c'igihe, Dag Heward-Mills araguhambarira ngo urengere kwiyumvira ivyawe gusa ariko wiyumvire n'abandi nabo! Baho kubw'abandi nabo! Yesu yaje kudupfira kuko yiyumviriye "Abandi". Nshaka kuba cane nkawe. Nawe urashaka kuba nka Yesu?
-
Ubwibone ni uburozi bwica bwagize ingaruka ku bantu uko imyaka yagiye iraza. Kuko bidashoboka kubona, ubwibone burashobora gutuba haba ingorane ikomeye. Ni gute twoshobora kurwanya ako kaga k'ubuzima bwacu? Abantu bake nibo biha kwandika ivyerekeye.... , ariko agaciro ko mu mpwemu k'akamaro. Muri iki gitabo kinezereye, Dag Heward-Mills arashira ahabona amaforoma atandukanye menshi y'ubwibone. Iki gitabo, canditswe n'umukristo aca mu bigoye, kizoguhezagira kandi kigutere intege kugira ugire ukwicisha bugufi nka Yesu Kristo.
-
Muri iki gitabo c'umwihariko, Dag Heward-Mills arasuzuma ivy'ukuri biba mu buzima bw'igikorwa c'Imana uyu munsi. Araja ku bibazo biboneka nk'ivyamahera, politike, uko ukorana n'uwo mudasangiye igitsina, n'uko uganira mugikorwa c'Imana. Ubuyobozi bw'ubwenge ku bintu ngenderwako mw'ihamagarwa ryawe. Iki gitabo kirasabwa ku mu kristo wese w'umurongozi. Kivugwa neza cane n'amashure ya Bibiliya n'ubuyobozi bw'amashengero muri Rusangi.
-
Ubuzima bushobora kuba ubugoye kuri uwo wese. Kenshi ico ukeneye kugira utsinde ico munigana ni ubwenge. Ubwenge ni ibanga ry'Imana rizogufasha kuva mu bikugoye ukaba mubitangaje. Imana yagushizeho kubw'ubwiza. Ibanga ry'imana ni ubwenge bw'Imana mu kinyegezwa cashizweho kubw'ubwiza n'Ugusa neza vyawe. Ese Amahishurirwa y'iki gitabo yokuzanira intsinzi imisi yose! Ese iki gitabo coguha ubumenyi bwo kunesha!
-
"Bibiliya iratubwira ko twese dukora amakosa - n'abapasitori barimwo. Amakosa agutuma uj'inyuma hakuj'imbere. Ikosa rirakubuza kubandanya imbere. Ni ayahe makosa ashoboka Abapasitori bakora? Ni ayahe ashobora kuba amakosa cumi manini y'umupasitori? Uratumiwe gusoma kino gitabo gitangaje wibonere amakosa uri mu mitego yo gukora n'ukuntu wokwirinda amakosa yo hejuru umupasitori yokora. Iki gitabo c'akamaro kizokubera umugisha wewe n'igikorwa c'Imana ukora."
-
Dag Heward-Mills ni umwanditsi w'ibitabo vyinshi, harimwo n'igitabo kigurwa cane ""Ubwizigirwa n'ubuhemu"". Ni uwatanguje umugwi w'amasengero yunze ubumwe yitirirwa Lighthouse naryo ubu rifise amashengero ibihumbi bitatu. Dag Heward-Mills, Umuvugabutumwa mpuzamakungu, Umukozi w'Imana mu bikorane mpuzamakungu vyo gukiza n'amana kw'isi yose. Ushaka kumenya vyinshi, ja kuri www.daghewardmills.org
-
Igikorwa kimaze imyaka irenga mirongo ibiri n'itanu, Dag Hheward-Mills yaranditse ibitabo vyinshi hamwe n'ibitabo bigurwa cane harimwo "Ubwizigirwa n'Ubuhemu" na "Urusengero rwagutse". Yafashwe ko ari we mwanditsi yasohoye ibitabo vyinshi muri afrika, Ibitabo vyiwe navyo bisiguwe mu ndimi zirenga 30 hamwe n'ibitabo vyasohowe birenga imiliyoni 15.