Dag Heward Mills ni umwanditsi w’ibitabu vyinshi, ushizemwo Igikundwa cane  “.UBUHEMU N’UBWIZIGIRWA “Ni uwatanguje Urunani rw ‘amashengero yaje ava mu mugwi w’amashengero yavuye kw’ishengero LIGHTHOUSE  ubu rifise amashengero arenga Ibihumbi Bitatu.  Dag Heward Mills, ni Umuvugabutumwa mpuzamakungu, kandi avuga ubutumwa mu Gikorane Mpuzamakungu Yesu arakiza n’amahuriro y ‘abapasitori n ‘abarongozi mu mashengero kw ‘isi yose. Ufise ico ubaza, raba        kuri :www. daghewardmills. org.

  • Kenshi turategwa intege iyo twiyumviriye ko "Benshi bahamagawe". Tugaca ducika intege vuba cane iyo turimbuye ko "...Bake batoranijwe". Ushobora kuba muri benshi bahamagawe no muri bake batoranijwe hamwe iki gitabo wokigira igihande co mu buzima bwawe. Muri iki gitabo ciza cane canditswe na Dag Heward-Mills, uzobimenya uravye muri Bibiliya igituma wovuga ushize amanga ko wahamagawe. Uzomenya ibiranga "Abahamagawe" kandi uzotegwa intege zo gushima gushika ku mpera y'urugendo rw'ubukristo bwawe.
  • Yesu yavuze : Mugire ubwenge nk'inzoka, mumere nk'intuma ata gasembwa. Mbe inzoka ziraciye ubwenge vy'ukuri? Kuki Yesu atanga impanuro nk'iyo? Ja mu rugendo ufatanije n'iki gitabo ca Dag Heward-Mills, wibonere ubwenge bunyegeje bw'inzoka.
  • Ushobora kuba warumviseko ari ikintu gihambahe gukorera Imana; ariko ushobora kuba utashoboye kumenya neza ingene bihambaye gukorera Imana  Umwami wacu. Muri kino gitabu nyene  ca Dag Heward Mills uzotahura uwo umukozi w Imana ari we n'ingene wokorera Imana. Ko womenya vy 'ukuri itandukaniro riri hagati y 'abakorera Imana n'abatayikorera! Ko woshirwa mu mugwi w 'abakorera Imana!
  • N’ivy’akamaro  k’umuristo mushasha ko atahura imfatiro z’agakiza kabo kandi akiga amategeko atwara ubuzima bwabo bushasha. Imfunguruzo z’ibiri vyo ku bizera bashasha zasizweho kugira rishike ku gikenewe kandi bironse umushinge ku bakristo bashasha ngo bagendere muntsinzi mu kwizera kwabo gusha.
  • Warakiriye Yesu Kristo nk'Umwami wawe n'Umukiza wawe warakijijwe! Uri umu Kristo yavutse ubwa kabiri kandi izina ryawe ryanditse mu gitabo c'ubugingo. Ikibazo cawe ni : "Ni iyihe ntambuko ikurikira nofata?" Gucika umu Kristo ni intambuko nziza, ariko ni intango gusa. Ukwiye kandi gucika umu Kristo mwiza kandi akomeye. 'Ni gute rero nkor'ivyo?'- Muri iki gitabo ciza cane, uriga intambuko wofata kugira ube kandi ugume uri umu Kristo akomeye kandi yiteguye gupfa canke umuhero.
  • Bibiliya iduhanura iti : "Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n'ivyo abandi" (ABO I FILIPI 2:4). Muri iki gitabo c'igihe, Dag Heward-Mills araguhambarira ngo urengere kwiyumvira ivyawe gusa ariko wiyumvire n'abandi nabo! Baho kubw'abandi nabo! Yesu yaje kudupfira kuko yiyumviriye "Abandi". Nshaka kuba cane nkawe. Nawe urashaka kuba nka Yesu?
  • Kandi nimwahagarara musenga, nihaba hari ico mupfa n'uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw'ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu; ariko nimutãharira abandi, na So WO mw'ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu' (Mariko 11:25-26) Mbe iyi mirongo ibiri iragutuma ujugumira? Inyishu yawe iri hano. Muri iki gitabo gikenewe cane, uriga Guharira vyoroshe - kugira nawe uzunezerererwe guharirwa na Data. Iki gitabo kikubere umugenzi gushika ushoboye Guharira vyoroshe kandi vyukuri
  • Bibiriya iravuga kumaraso atandukanye: amarasi y'impene, amaraso y'intama, amaraso y'inuma! Bibiriya kandi iravuga neza ko iyo amaraso adasheshwe atakubabarirwa ivyaha. None birashoboka ko amwe muri aya maraso atandukanye yokura ivyaha? Inyishu ni Oya yinguvu! None Niki coshobora kutwoza ivyaha vyacu? Ntanakimwe, Atari amaraso ya Yesu Kristo! N'amaraso ya Yesu yonyene afise ububasha bwo kwoza ivyaha vyacu hama akatuzanira agakiza. Muri iki gitabo ngirakamaro, uzohasanga ukuri kudasanzwe kwerekeye amaraso ya Yesu Kristo. Uzosangamwo ukuntu amaraso ya Yesu atanga ubuzima n'ingene Amaraso ya Yesu yishoboza kugira akamaro ubwayo. Uzotahura ukunywana kuri hagati y'amaraso na Mpwemu Year. Hariho vyukuri ubushobozi mumaraso ya Yesu!
  • Iki gitabo nico kikuyobora ku gutahura neza agakiza muri Yesu Kristo. Muri Iki gitabo ciza, uzotahura ukuntu Yesu agukunda cane, ukuntu wovuka ubwa kabiri, ukuntu wokwirinda kuja mu muriro udahera n'ico bisigura kuba icaremwe gisha muri Yesu Kristo. Iki gitabo ugihe bose, bazotahura ico bisigura gukizwa n'amaraso ya Yesu Kristo.
  • “... Genda uje mu nzira zagutse no mu mihora, ubagobere baze, KUGIRA NGO INZU YANJE YUZURE. LUKA 14:23. Umutima w'Imana uririra kw'Isi ikizwa, kandi kw'inzu yayo -ishengero- ryuzura!" Ni iri hishurirwa ryavyaye iki gitabo, "Ishengero riri Mega" ca Bishop Dag Heward-Mills, umu Pasitori w'ishengero rimwe mu mashengero manini ari muri Ghana. Ishengero ryawe n'igikorwa cawe ntibizoguma uko vyahora umaze gusoma iki gitabo gikabura! "Dr Heward-Mills aranywanye n' Umwami Yesu Kristo n'igikorwa ciwe co kubwir'ubutumwa isi yose. Ni umurongozi akomeye cane kandi w'akarorero kubari mu gikorwa c'Imana bose, kandi twebwe hano muri "Church Growth International" turabashwe cane kumenya no guhamagara Dr. Dag Heward-Mills umugenzi n'uwo dukorana mu murima w'umwimbu munini cane w'isi." -Dr. David Yonggi Cho Uwutwara, Church Growth International
  • Amavuta ni ikintu ca nkenerwa mu kwugurura umuryango w'igikorwa c'Imana cuzuye kandi kigenda neza. Benshi baragerageje gukora igikorwa c'Imana bafise impamvu nziza z'ukuri ariko ntibashitse kure kuko bananiwe kumenya ko "si kubw'inkomezi , si kubw'ububasha ariko nikubwa Mpwemu wanje (Amavuta)" [ZAKARIYA 4:6]. Iki gitabo c'isa "Cakira Amavuta" ca Bishop Dag Heward-Mills kirakwigisha ico bisigura gucakira Amavuta n'uko wobikora vy'ukuri! Reka icipfuzo c'amavuta y'Imana gifururwe muri wewe biciye mu mpapuro za kino gitabo!
  • Abapasitori bari mu ngorane zo kunezereza no kuryohera ishengero n'inkuru nziza. Iyi ngorane y'abantu yatumye haba uguhengama kw'amajambo ya Kristo kugeza aho ubu ubutumwa bw'umusaraba busigaye bugoye kwibuka. Uyu munsi turasubiye ku ntango y'ukuri y'ubukristo ko dutegerezwa "gutakaza" kugira "turonke" Kristo. Ububasha buzogaruka mw'ishengero nk'uko twigisha ko dutegerezwa kwitanga, Kubabara no gupfa kubwa Kristo. Ububasha bw'amajambo ya Kristo ntibushobora gukurwaho n'umuntu n'umwe uko yobatey'imbere kwose canke ahambaye.

Title

Go to Top