-
Igikorwa kimaze imyaka irenga mirongo ibiri n'itanu, Dag Hheward-Mills yaranditse ibitabo vyinshi hamwe n'ibitabo bigurwa cane harimwo "Ubwizigirwa n'Ubuhemu" na "Urusengero rwagutse". Yafashwe ko ari we mwanditsi yasohoye ibitabo vyinshi muri afrika, Ibitabo vyiwe navyo bisiguwe mu ndimi zirenga 30 hamwe n'ibitabo vyasohowe birenga imiliyoni 15.
-
"Iki gitabo ni iyindi ngabire iva ku mwanditsi Dag Heward-Mills ku bakozi b'Imana bose bazogisoma. Iki gitabo kirishura ibibazo vyawe vyose vy'uko ubigenza ku migenderanire igoye hagati y'Abavyeyi n'abana. Biciye mu nyigisho z'iki gitabo, uzokwiyambura umuvumo ku buzima bwawe wizaneko umugisha. Aba Papa n'abantu b'akamaro cane bakuza abana babo bakabakingira. Ata ba Papa bahari, ntihoba abana bokubandanya igikorwa c'Imana ku rundi runganwe n'urundi. Ihamagarwa ry'Imana riratotahara canke rigapfira mu bushobozi bwawe bw'uko wigenza kuri ba so. Soma Iki gitabo, wirinde umuvumo wo kutubaha, kugaba, no kugira imigenderanire mibi na ba so."
-
Abagarariji ntibibuka ikintu na kimwe bakorewe kandi kenshi bahitamwo kwibagira ibintu bimwe bimwe. Yuda ntiyibutse ivy' Umwami yamukoreye, ntiyibuka n'ivyo yiboneye kandi yiyumviye kuri Yesu. Nico gituma yacitse uw'imibereho mibi tuzi uyu munsi nka Yuda. Ubushobozi bwo Kwibuka ni kimwe mu bintu vya nkenerwa vyo mu Mpwemu umukozi w'Imana yoronka. Abantu batibuka nigake bibagendera neza. Ntibashobora gushika ku rugezo rumwe rwo hejuru. Iki gitabo ca nkenerwa kuri Iki cirwa kitamenyerewe ni ingabire y'Imana ikujeko.
-
Amashengero yuzuye abantu bazi kwiyorobeka cane bacika abahemu cane. Urufunguruzo rukomeye rwa satani rwamye ari uruhendo no kwiyorobeka. Umurongozi adashobora kubona igipfutse uwiyorobeka azogira ingorane kuko ahumye. Guterw'ubwoba, akamenyero no kuzazanirwa ni impwemu mbi zigwanya abakozi b'Imana. Kenshi, abantu ntibamenya n'ikibagwanya. Iki gitabo kiragufasha kumenya no kurwanya umwansi murikumwe.
-
Kenshi turategwa intege iyo twiyumviriye ko "Benshi bahamagawe". Tugaca ducika intege vuba cane iyo turimbuye ko "...Bake batoranijwe". Ushobora kuba muri benshi bahamagawe no muri bake batoranijwe hamwe iki gitabo wokigira igihande co mu buzima bwawe. Muri iki gitabo ciza cane canditswe na Dag Heward-Mills, uzobimenya uravye muri Bibiliya igituma wovuga ushize amanga ko wahamagawe. Uzomenya ibiranga "Abahamagawe" kandi uzotegwa intege zo gushima gushika ku mpera y'urugendo rw'ubukristo bwawe.
-
Benshi muri twebwe ntibatahura ingene inkuru y'igiti kimenyesha ikibi n'iciza muri bibiliya bitwerekeye. Twiyumvira ko ari ikintu kibabaje cabaye cakoze kuri Adamu na Eva kandi ko twe twagisimvye. Mbe woba warasimvye vyukuri igiti kimenyesha iciza n'ikibi? Muri iki gitabo gitumbereye, uzobona ko igiti kimenyesha iciza n'ikibi kikibaho n'uyu musi. Uzosangamwo kandi ko gifise vyabigeragezo nyene kuri twebwe nkuko cabikoze kuri Adamu na Eva. Uzobona kandi ukuri kuzogufasha kuba muri ubu buzima n'igikorwa ukoresheje ubumenyi wakuye muri kino gitabo."
-
Amavuta ni ikintu ca nkenerwa mu kwugurura umuryango w'igikorwa c'Imana cuzuye kandi kigenda neza. Benshi baragerageje gukora igikorwa c'Imana bafise impamvu nziza z'ukuri ariko ntibashitse kure kuko bananiwe kumenya ko "si kubw'inkomezi , si kubw'ububasha ariko nikubwa Mpwemu wanje (Amavuta)" [ZAKARIYA 4:6]. Iki gitabo c'isa "Cakira Amavuta" ca Bishop Dag Heward-Mills kirakwigisha ico bisigura gucakira Amavuta n'uko wobikora vy'ukuri! Reka icipfuzo c'amavuta y'Imana gifururwe muri wewe biciye mu mpapuro za kino gitabo!
-
Kandi nimwahagarara musenga, nihaba hari ico mupfa n'uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw'ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu; ariko nimutãharira abandi, na So WO mw'ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu' (Mariko 11:25-26) Mbe iyi mirongo ibiri iragutuma ujugumira? Inyishu yawe iri hano. Muri iki gitabo gikenewe cane, uriga Guharira vyoroshe - kugira nawe uzunezerererwe guharirwa na Data. Iki gitabo kikubere umugenzi gushika ushoboye Guharira vyoroshe kandi vyukuri