-
Abapasitori bari mu ngorane zo kunezereza no kuryohera ishengero n'inkuru nziza. Iyi ngorane y'abantu yatumye haba uguhengama kw'amajambo ya Kristo kugeza aho ubu ubutumwa bw'umusaraba busigaye bugoye kwibuka. Uyu munsi turasubiye ku ntango y'ukuri y'ubukristo ko dutegerezwa "gutakaza" kugira "turonke" Kristo. Ububasha buzogaruka mw'ishengero nk'uko twigisha ko dutegerezwa kwitanga, Kubabara no gupfa kubwa Kristo. Ububasha bw'amajambo ya Kristo ntibushobora gukurwaho n'umuntu n'umwe uko yobatey'imbere kwose canke ahambaye.
-
Ikintu Kimwe kiza kuri wewe mugihe wumvise ijambo "Umwungere" canke Intama! Intama n'igikoko gikeneye umwungere. Umwungere nu witaho, Agakunda kandi Akarinda Intama. Muri Bibiliya, Imana itugereranya Nk'intama zomucanya cayo. Yesu kandi yabwiye Petero Intumwa kugaburira Intama ziwe mukwerekana urukundo afise Ntumukiza. Kuba umwungere n'igikorwa gikomeye cane. N'icubahiro guhamagarwa n'Imana ikaguha igikorwa cayo cokuragira Intama. Muriki gitabo, Dag Heward-Mills aradutumira, aradutera intege, akana twereka ingene twokwinjira muriki gikorwa cukuragira Abantu bayo. Ntusigare Inyuma muriki gikorwa cukuba umwungere!
-
Gukurikira Imana ni urugendo rw'umunezero ukwiye kumenya. Gukurikira no kwigana abandi ni imyuga ya kera yo kwiga uko Yesu Kristo yahisemwo uburyo bw'akamaro bwo kwigishwa. Hak'ugir'isoni z'ubu buryo bwo kwigishwa bwerekanywe neza n'umwanya , iki ni igihe Co gutahura ubwiza n'uguca bugufi vy'umwuga wo Gukurikira. Muri iki gitabo uramenya ninde, niki, ni gute wokurikira neza. Iki gitabo gishasha gikayangana ca Dag Heward-Mills kiraha ikibanza ciza Umwuga wo Gukurikira mu vyo tubamwo mu bukristo.
-
Dr. Dag Heward-Mills , umukristo w'umurongozi yiharije, arahishura rimwe mu mabanga yiwe. "Hogira uwumbaza ibanga rikomeye ry'imigenderanire yanje n'Imana, novuga nteraguza, ko ari ububasha bw'umwanya w'agahore ngirana nawe iminsi yose." Yahisemwo kwandika iki gitabo kugira ngo nawe ugire inyungu muri ubu bubasha bw'umwanya w'agahore.
-
Warakiriye Yesu Kristo nk'Umwami wawe n'Umukiza wawe warakijijwe! Uri umu Kristo yavutse ubwa kabiri kandi izina ryawe ryanditse mu gitabo c'ubugingo. Ikibazo cawe ni : "Ni iyihe ntambuko ikurikira nofata?" Gucika umu Kristo ni intambuko nziza, ariko ni intango gusa. Ukwiye kandi gucika umu Kristo mwiza kandi akomeye. 'Ni gute rero nkor'ivyo?'- Muri iki gitabo ciza cane, uriga intambuko wofata kugira ube kandi ugume uri umu Kristo akomeye kandi yiteguye gupfa canke umuhero.
-
Waruzi ko abavugishwa ba kera, bifuje kandi bakarondera ako gakiza gakomeye kiyerekanye kuri twebwe? Ntibashobora kwibaza uko ako gakiza kazoza kubantu... ariko turahezagiwe kuba twarakiriye ako gakiza! Twarakiriye agakiza kuko hari umuntu yatubwiye ibikerekeye. Muri iki gitabo kiryoshe, Umuvugabutumwa Dag Heward-Mills ntaturongorera kumenya gusa k'ukumenya agakiza kacu gakomeye ariko kandi aratwigisha ukungene twosangira ako gakiza gakomeye n'Abandi. Ese umwe wese muri twebwe yokora igikorwa c'Umuvugabutumwa!
-
Iki gitabo nico kikuyobora ku gutahura neza agakiza muri Yesu Kristo. Muri Iki gitabo ciza, uzotahura ukuntu Yesu agukunda cane, ukuntu wovuka ubwa kabiri, ukuntu wokwirinda kuja mu muriro udahera n'ico bisigura kuba icaremwe gisha muri Yesu Kristo. Iki gitabo ugihe bose, bazotahura ico bisigura gukizwa n'amaraso ya Yesu Kristo.